Uko wahagera

RDC: Ubwoko bwa Delta bwa Covid-19 Bwongerekanye


Sensibilisation des combattants des Maheshe à la prevention du Covid-19, en RDC, le 20 mai 220. (VOA/Ernest Muhero)
Sensibilisation des combattants des Maheshe à la prevention du Covid-19, en RDC, le 20 mai 220. (VOA/Ernest Muhero)

Umukuru w’ikigo kijejwe kurwanya Covid-19 muri Republika ya demokarasi ya Kongo yagabishije ko ubwoko bushasha bw’uwo mugera bwiswe, Delta, buriko burarandagata mu gihugu. Mu nama n’ubuyobozi bwa OMS, Jean-Jacques Muyembe, yagabishije kuri uyu wa kane ko ibitaro vyarengewe n’abarwayi hamwe n’uburuhukiro vy’abapfuye bwuzuye.

Afrika yari igifise agahengwe ugereranije n’ibindi bice vy’isi, ariko abandura muri Republika ya demokarasi ya Kongo bariyongereye mu kwezi guheze kandi ubwoko Delta bwanduwe na 84 kw’ijana. RDC yaronse abanduye bashasha 112 mu masaha 24, barimwo 76 bo ku murwa mukuru Kinshasa. Ibi bitigiri biciye bishika ku 41,353 bamaze kwandura hamwe n’933 umaze guhitana.

Igisata ca OMS muri Afrika cavuze ko ubwoko Delta bwa Covid-19, bwatanguye kwibonekeza mu Buhindi, bumaze kugaragara mu bihugu 16 vyo kuri uyo mugabane. Umuyobozi wa OMS muri Afrika, Matshidiso Moeti, yavuze ko vyihuta ko hafatwa ingingo zo kwikingira, atar’uko Afrika igiye kwinjira mu kaga.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG