Uko wahagera

Abashika 134 Barishwe n'Ubushuhe Burenze Urugero muri Canada


Umugabo ariko arikingira ubushuhe i Vancouver, Canada
Umugabo ariko arikingira ubushuhe i Vancouver, Canada

Igiporisi ca Canada gishikiriza ko ubushuhe burenze urugero bumaze kwica abashika 134 i Vancouver kuva ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Ni ubushuhe bukaze cane, aho amamiliyoni y’abanyagihugu mu burengero bwa Canada hamwe no mu buraruko bushira uburengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika yari yagabishijwe kuri uyu wa gatatu kuguma mu mazu. Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, yavuze ko ubushuhe bugaragara muri iyi ndwi butari bwigere bubaho, kandi hashobora no kwaduka n’imiriro yo mu mashamba.

Ikimenyeshamakuru Seattle Times candikira mu gisagara ca Seattle, mu buraruko bushira uburengero bwa reta ya Washington muri Amerika, cavuze ko abantu babiri bishwe n’uko imibiri yabo itashoboye kwihanganira ubushuhe.

Ubu bushuhe bwatumye amashure hamwe n’ibibanza vyo gucandagiramwo Covid-19 vyugarwa mu karere ka Vancouver muri Canada, abanyagihugu bashirirwaho amariba y’amazi mu maherezo y’amabarabara yo gufasha abashuhiwe. Nayo mu bisagara vyo mu burengero bwa Amerika na Canada hashizweho ibigo bikanyishijwe hamwe n’abakozi bajejwe guha abanyotewe amacupa y’amazi hamwe n’inkofero zo kwikingira izuba. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG