Uko wahagera

Somaliya: Abanyepolitike Bumvikanye ku Kirangaminsi c'Amatora


Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed mu biganiro vy'amatora muri i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 27/05/2021

Abanyeporitike muri Somaliya bumvikanye kuja mu matora y’umukuru w’igihugu kw’itariki ya 10 y’ukwezi kwa cumi, amatora yasibijwe igihe kirekire. Vyashikirijwe n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere kuri uyu wa kabiri, inyuma y’amezi y’icuka kibi ca poritike rimwe na rimwe cavuyemwo ubwicanyi.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Mohamed Hussein Roble, vyashize ahabona ikirangamisi c’amatora y’abashingamateka n’ay’umukuru w’igihugu, inyuma y’ibiganiro vyamaze imisi ibiri ku murwa mukuru Mogadishu.

Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed hamwe n’abakuru b’amareta atanu yo muri Somaliya bari barananiwe ntibashoboye kwumvikana kw’itunganywa ry’amatora imbere y’irangira rya manda yiwe mu kwezi kwa kabiri, ivyateye icuka kibi mu gihugu.

Ikirangamisi c’amatora catangajwe kuri uyu wa kabiri gishira itora ry’abasenateri mu kwezi kw’indwi itariki 25, iry’abashingamateka hagati y’ukwezi kwa munani n’icenda. Abashingamateka n’abasenateri bazoba batora umukuru w’igihugu kw’itariki ya 10 y’ukwezi kwa cumi. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG