Uko wahagera

Perezida Ramaphosa Yongeye Gukaza Amategeko yo Kurwanya Covid-19


Cyril Ramaphosa
Cyril Ramaphosa

Perezida wa Afrika y’Epfo, Cyril Ramaphosa, kuri uyu w’Imana yasubijeho amabwirizwa akomeye azomara indwi zibiri, agamije guhangana n’igisanira ca coronavirus candukira cane ciswe Delta kiriko kirarandagata ku rugero ruteye ubwoba mu gihugu.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo y’igihugu, Ramaphosa yabujije amakoraniro yose, kiretse abaja gupfuba ababo naho nyene batarenza abantu 50. Ayo mabwirizwa arimwo kandi kubuza urudandazwa rw’inzoga ziboreza.

Amazu y’uburiro ntiyemerewe kwicarika abakiriya, bemerewe gusa kudandaza ibifungurwa ku babitora baja kubifungurira mu mihana iwabo canke babibasanzayo.

Abantu ntibemerewe kuba hanze y’ingo zabo kuva isaha zitatu z’ijoro gushika isaha cumi z’agatondo, mu gihe amashure yose azokwugarwa ku musi wa gatanu.

Afrika y’Epfo ubu iharura abantu hafi 1,929,000 bamaze kwandura Covid-19, barimwo 15 036 bashasha banduye kuri uyu w’Imana. Abamaze kwicwa n’uwo mugera bashitse ku 59 900.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze ku musi wa gatanu ko igisanira Delta ca Covid-19 kimaze gushika mu bihugu hafi 85 kw’isi.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG