Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, igitigiri c’abasize ubuzima mw’ibomoka ry’igorofa yabamwo abantu muri reta ya Florida cashitse ku bantu icenda kuri uyu w’Imana, naho abajejwe gutabara bakibandanya kurondera abandi 152 batazwi irengero.
Daniella Levine Cava, umukuru w’igisagara ca Miami-Dade, cabereyemwo iryo sanganya, yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo kuw’Imana. Yavuze ko umuntu umwe yapfiriye ku bitaro igihe abatabara batora ibindi biziga mu bibomoke vy’iyo nyubakwa yari ifise amagorofa 12, yabomotse mu gaturuturu ko ku musi wa kane.
Abategetsi bagumana icizere ko bashobora kuzotora abandi bantu bagihema, naho harenze imisi itatu iyo nyubakwa ibomotse.
Umukuru w’abazimya imiriro muri Miami-Dade, Alan Cominsky, yavuze ko adashobora kuvuga aho bazohagarikira ibikorwa vyo kurondera aboba bagihambwe n’ibibomoke.
Perezida Joe Biden yaremeje ko hasohorwa uburyo bw’amafaranga bwihuta bwo gufasha mu twigoro turiko turakorwa n’abategetsi bo muri iyo reta. Yavuze kandi ko yifatanije n’imiryango yabuze mu kugandarira ababo.
VOA
Facebook Forum