Abajejwe umutekano muri Somaliya bavuga ko abantu hafi 30 bishwe mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, inyuma y’aho abitwaje ibirwanisho batereye agasagara gato ko muri reta ya Galmudug hagati mu gihugu. Abapfuye bagizwe ahanini n’abasivile, baguye mu gutana mu mitwe hagati y’abo barwanyi n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Wisil, nkuko abategetsi babibwiye igisata c’igisomaliya c’Ijwi ry’Amerika.
Iki gitero catanguye igihe abarwanyi baturitsa ibombe yari yatezwe mu modokari mu gace kari hafi y’ikambi y’abajejwe umutekano muri ico gisagara, nkuko umutegetsi w’iyo ntara, atashimye ko izina ryiwe rimenyekana kuko atemerewe kuvugisha ibimenyeshamakuru yabivuze.
Umushikiranganji w’intara ya Galmudug, Ahmed Shire Falagle, yavuze ko abajejwe umutekano basubije inyuma ico gitero kandi hapfuyemwo abarwanyi batari bake. Falagle yavuze ko abasirikare batatu bapfuye hamwe n’abashika indwi bakomeretse. Yavuze ko abarwanyi bashika 100 ari bo bateye ico gisagara kandi benshi muri bo basubijwe inyuma bapfuye.
Umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab wariyemereye ko ari wo ubazwa ico gitero, ariko uvuga ko wishe 34 mu bajejwe umutekano.
Igisagara ca Wisil kiri ku birometero 200, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Galkayo, akarere Al-Shabab igaragara ko iriko iratera yigarurira.
VOA
Facebook Forum