Uko wahagera

Igorofa Yabomotse, 1 Arapfa, 99 Baracaronderwa i Miami, muri Florida


Abatabara bariko bararondera abo borokora mu Bibomoke vy'igorofa i Miami muri Florida. kuwa kane itariki 24/06/2021

Umuntu umwe aramaze kumenyekana ko yapfuye, abandi 99 nta rengero ryabo riramenyekana, inyuma y’aho inzu y’igorofa 12 zigerekenanye zabamwo abantu isidukiye mu gaturuturu ko kuri uyu wa kane hafi y’igisagara ca Miami Beach, muri reta ya Florida, mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Hari ubwoba ko abapfuye bashobora kurenga kure uwo muntu umwe mu gihe abatabara bakiriko barasaka mu bibomoke.

Igiporisi kivuga ko kitaramenya amakuru y’abantu 99 bakwekwa kuba bari mu mazu yabo muri iyo gorofa igihe yasiduka. Ntibiramenyekana neza igitigiri nyezina c’abantu baba muri izo nzu zo gupanga.

Bamwe mu bashoboye guhunga baciye mu nzira y’ingazi z’iyo nyubakwa mu gihe abandi batabariwe iyo bari hejuru. Umwe ni we yatangajwe ko yatowe yapfuye n’abategetsi, abandi 14 baratabarwa bakuwe mu bibomoke.

Perezida Joe Biden yabwiye abamenyeshamakuru ko reta yiwe yiteguye kurungika uburyo bwo gutabara igihe reta ya Florida yobona ko bikenewe.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Miami vyavuze ko iyo nyubakwa yubatswe mu 1981 kandi yarimwo inzu zo gupanga zirenga 130.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG