Uko wahagera

Visi Perezida Kamala Harris mu Rugendo ku Rubibe rwa Amerika na Mexique


Visi perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Kamala Harris, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Mexico City, muri Mexique, kw'itariki ya 8/06/2021
Visi perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Kamala Harris, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Mexico City, muri Mexique, kw'itariki ya 8/06/2021

Icegera ca perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Kamala Harris, ategekanya kugendera urubibe Amerika ihana na Mexique kuri uyu wa gatanu. Ni mu twigoro two guhagarika ubwinshi bw’abimukira binjira muri Amerika baciye ku butaka. Ibiro vyiwe vyatangaje kuri uyu wa gatatu ko azoherekezwa n’umushikiranganji w’umutekano mu gihugu hagati, Alejandro Mayorkas.

Kamala Harris yaragendeye ibihugu vyo muri Amerika yo mu bumanuko, Guatemala na Mexique mu ntango z’uku kwezi, aho yihanikirije abimukira bava muri ivyo bihugu kudatumbera muri Amerika. Ariko ntivyabujije ibihumbi vy’abava muri ivyo bihugu bibiri, hamwe n’abo muri Honduras na El Salvador, gufata izo ngendo ndende zigana muri Amerika. Benshi bagenda n’amaguru, bahunga ubukene hamwe n’ubwicanyi burangwa mu bihugu vyabo, nkuko ubwabo bavyivugira.

Abajejwe gucungera imbibe muri Amerika bariko barahangana n’ibitigiri binini vy’abimukira batagira ivya ngombwa bitari bwigere bingana uko biri ubu, ugereranije n’imyaka 20 iheze. Bafashe abarenga 180 000 ku rubibe mu kwezi kwa gatanu. Bavuye ku 170 000 bafashwe mu mezi ya gatatu n’ukwa kane.

Biyongereye kuva aho Perezida Joe Biden na Kamala Harris bashikiye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere, aho Perezida Biden avugiye ko abimukira bakwiye gufatwa runtu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG