Uko wahagera

Abaporisi 11 ba Burkina Faso Barishwe n'Intagondwa z'Abayisilamu


Ikarata ya Burkina Faso
Ikarata ya Burkina Faso

Abaporisi 11 barishwe ku musi wa mbere baguye mu mutego w’abakekwa kuba intagondwa z’abayisilamu mu buraruko bwa Burkina Faso, abandi bane baraburirwa irengero. Vyatangajwe na reta kuri uyu wa kabiri.

Umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Ousseni Compaore, yavuze ko baguye muri uyo mutego w’abagabo bitwaje inkoho mu masaha ya sa cenda z’umuhingamo ku musi wa mbere. Yongeyeko ko inyuma y’ico gitero mu ntara yo hagati hashira uburaruko, abaporisi 11 batowe bapfuye, indwi batorwa ari bazima, abandi bane baraburirwa irengero.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko ico gitero cabereye i Yirgou, mu kagwati gato kari mu buraruko bw’igisagara ca Barsalogho.

Burkina Faso iri mu rugamba n’intagondwa z’abayisilamu zimaze kwirahira abantu hafi 1 400 kuva mu 2015 kandi zituma hafi umuriyoni umwe w’abanyagihugu bahunga ingo zabo.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG