Ibanki nkuru y’isi yatangaje kuri uyu wa kabiri ugukorera hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika mu gutanga amafaranga yo kuronsa incanco za Covid-19 no kuzishikana ku bantu imiriyoni 400 muri Afrika.
Mu nama yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, umuyobozi akurikirana ibikorwa mw’ibanki y’isi, Axel van Trotsenburg, yavuze ko iyo banki itanze imiriyaridi 12 z’amadolari azogura no kurungika incanco imiriyoni 400 za Johnson & Johnson ku mugabane wa Afrika.
Iri tangazo rishikirijwe inyuma y’umusi abashikiranganji b’ikigega b’ibihugu vya Afrika hamwe n’umurwi w’abo mw’ibanki y’isi bakoranye bemeranya ko iyo banki azobaronsa izo ncanco. Ni mu ntumbero yo kurinda ko haba igice ca gatatu co kwandura ku bwinshi COVID-19 muri Afrika.
Van Trotsenburg yavuze ko ibanki y’isi ibikoze mu twigoro two gufasha mu kugabanya ubusumbane bunini bufatiye ku kuronka incanco hagati y’ibihugu bitunze n’ibikenye. Yavuze ko abanyafrika bari munsi y’igice kimwe kw’ijana ari bo bamaze gucandagwa.
Uyu mugambi uzoba ubaye intambwe nini mu gufasha Afrika gushika ku ntego yihaye yo kuzoba yacandaze 60 kw’ijana vy’abanyagihugu bayo gushika muri 2022.
VOA
Facebook Forum