Inyuma y’imisi mike Tanzaniya itangaje ko yipfuza kwiyunga mu mugambi w’isi, COVAX, wo gufashisha incanco za Covid-19 ibihugu bifise amikoro make, reta yagabishije abanyagihugu ko uwo mugera wongeye kugwirirana. Yategetse gufata ingingo zishoboka zo kwirinda hamwe no guhimiriza abanyagihugu kwambara udupfukamunwa. Abategetsi bavuga ko ibitigiri vy’abandura vyaduze mu bihugu bihana imbibe, birimwo Uganda kandi ko hari ibimenyetso ko uwo mugera ushobora kwongera gutera igihugu.
Umuyobozi wo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu ajejwe igisata co gukinga ingwara, Leonard Subi, ku musi wa gatandatu yasavye abenegihugu bose kudasuzugura COVID-19. Avuga ko ubushikiranganji akorera bwatanguye kubona ibimenyetso ko uwo mugera uriko uriyongera cane cane kubera kugenderanira hagati ya Tanzaniya n’ibindi bihugu.
Mu kwezi kwa kane k’umwaka uheze, Tanzaniya yarahagaritse gutangaza ibitigiri bijanye n’uwo mugera, igihe perezida w’ico gihe John Magufuli, yavuga ko Imana yarangije uwo mugera mu gihugu.
Inyuma y’urupfu rwiwe mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, perezida mushasha, Samia Hassan yatanguye guhindura umukenyuro kuri ico kiza, harimwo kwemera ko kiri mu gihugu. Ubu igihugu kirindiriye kuronswa incanco.
Kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika ikurikirana ku musi ku musi ivy’uyo mugera, ivuga ko Tanzaniya ifise abantu 509 bamaze kwandura Covid-19, barimwo 21 bamaze kuhasiga ubuzima.
VOA
Facebook Forum