Uko wahagera

Covid-19: Imbibe Hagati ya Amerika na Canada Zigiye Gusubira Kwugururwa


Urubibe rwa Canada na Amerika ku ruhande rwa Lacolle, i Quebec, muri Canada
Urubibe rwa Canada na Amerika ku ruhande rwa Lacolle, i Quebec, muri Canada

Urubibe rwo ku butaka rugabura Reta zunze ubumwe za Amerika na Canada rushobora kuzokwongera kwugururwa mu misi iri imbere. Urwo rubibe rurerure rw’ibirometero 8 891 rwugawe kuva mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze kubw’ikiza ca Covid-19.

Ubushikiranganji bw’Amerika bw’imigenderanire n’amakungu buvuga ko imbere y’ikiza, urwo rubibe rwacako abantu bagereranywa n’400 000 ku musi, kandi rwinjiriza ivyo bihugu hafi imiriyaridi 2 z’amadolari ku musi umwe.

Reta y’umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, yavuze ko abazosubira gukoresha urwo rubibe bazogira ivyo basabwa, nko kuba baracandazwe Covid-19 canke gusuzumwa nimba barigeze kwandura uwo mugera.

Urubibe rugabura Amerika na Canada rufise aminjiriro 117 yemewe n’amategeko.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG