Uko wahagera

Etiyopiya mu Matora Rusangi kuwa Mbere


Igicapo c'imyiyamamazo kiriko abakandida bo ku ruhande rw'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed i Addis Abeba, muri Éthiopie, le 20 avril 2021.
Igicapo c'imyiyamamazo kiriko abakandida bo ku ruhande rw'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed i Addis Abeba, muri Éthiopie, le 20 avril 2021.

Abenegihugu ba Etiyopiya biyandikishije kuzotora bari mu myiteguro yo kwitabira amatora yo ku musi wa mbere, abonwa nk’igipimo ku mushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, kuko azoba abaye aya mbere kuva ashika ku butegetsi mu 2018.

Buzoba bubaye ubwa mbere, inyuma y’imyaka itandatu abanyagihugu batora abashingamateka n’abakenguzamateka ku rwego rw’igihugu n’intara. Abakandida barenga 8 000 bava mu migambwe 49 ni bo bazoba bari muri ayo mahiganwa.

Bamwe mu bakandida bavuga ko abatora bahangayikishijwe cane n’iterambere muvy’ubutunzi, ivya poritike n’umutekano.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed vyitezwe ko azogumana intebe yiwe muri aya matora, naho yagirizwa ko yateje intambara mu ntara ya Tigre.

Intambara muri Tigre yatanguye mu kwezi kw’icumi na kumwe inyuma y’aho amatora ku rwego rw’igihugu yigijweyo agashirwa mu kwezi kwa munani 2020 kubera ikiza ca Covid-19. Intara ya Tigre yaciye ihitamwo kuyatunganya yonyene, ariko reta nkuru yaciye ivuga ko biciye kubiri n’amategeko.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG