Abategetsi ba Iraki batangaje mu mpera z’indwi irangiye ko batoye ikinogo rusangi kirimwo ibisigarira vy’abantu 123, hafi y’igisagara ca Mosul. Abo bantu bikekwa ko bari abayisilamu bo mu bwoko bw’aba-Shiite bishwe igihe umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wafata ico gisagara mu 2014.
Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wigaruriye Mosul, igisagara kigira kabiri mu bunini ca Iraki, mu 2014. Kuva ico gihe ico gisagara cagumye mu minwe y’uwo muhari mu kiringo c’imyaka itatu kugeza igihe igisirikare ca Iraki congeye kucigarurira gifashijwe n’abasirikare ba Amerika mu 2017.
Iraki yavuze ko yatoye ibindi binogo rusangi 40 mu gisagara ca Ninewe, isaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amakungu gufasha kubahambana iteka.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko abantu barenga 12 000 bashobora kuba barahambwe mu binogo rusangi bingana hafi 200 muri Iraki.
Facebook Forum