Uko wahagera

Umuryango OTAN Wiyemeje Guhangana n'Ubushinwa n'Uburusiya


Perezida Joe Biden hamwe n'abakuru b'Ibihugu vya OTAN i Buruseri mu Bubirigi, kw'itariki ya 14/06/2021.
Perezida Joe Biden hamwe n'abakuru b'Ibihugu vya OTAN i Buruseri mu Bubirigi, kw'itariki ya 14/06/2021.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa mbere ko azocira umurongo utukura ntarengwa mugenzi we w’Uburusiya Vladimir Putin, mu mubonano bagirana kuri uyu wa gatatu. Yabishikirije inyuma y’aho ibihugu vyo mu muryango OTAN vyongeye kwiyemeza gukomeza urunani mu guhangana n’ibibazo biterwa n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa.

Mw’ijambo rya mbere yashikirije umuryango OTAN kuva agitorwa, Perezida Biden yashimitse avuga ko atariko ararwana n’Uburusiya, ariko ko azogira ico akoze mu gihe ico gihugu cobandanya ibikorwa vyaco vyo kubangamira Amerika.

Perezida Biden kandi yise Perezida Putin “umuntu akomeye” kandi "adakwiye gukengerwa”. Abivuze imbere y’umubonano ubahuza kuri uyu wa gatatu.

Abategetsi b’ibihugu vyo muri OTAN bumvikanye gukorera hamwe mu guhangana n’ibibazo baterwa n’Ubushinwa. OTAN ivuga ko Ubushinwa burushiriza kwagura ibikorwa vyo guteza imbere porogaramu za Nikleyeli hamwe n’ibigendajuru vyo mu kirere kandi bibangamira urutonde rw’isi.

Umunyamabanga mukuru w’uwo muryango, Jens Stoltenberg, yavuze ko ivyo bihugu bizokorana n’Ubushinwa ku bibazo bihanze isi nk’ihindagurika ry’ibihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG