Uko wahagera

Abasirikare 2 ba Mali Baguye mu Mutego w'Abajihadiste


Abasirikare ba Mali

Abasirikare babiri ba Mali barishwe mu mutego batezwe n’abakekwa kuba abajihadiste, abandi umunani bo mu nteko za ONU barakomeretswa n’igisasu giturika catezwe mu kuzimu. Ni mu makuru ava mu gisirikare ca Mali hamwe no muri ONU yatanzwe kuri uyu w’Imana.

Umutegetsi mu gisirikare ca Mali avuga ko abasirikare babiri bishwe n’abakora iterabwoba mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu bageze kw’ibariyeri iri ku birometero 60 mu bumanuko bw’igisagara ca Gao.

Kuri uyu w’Imana, abasirikare b’inteko za ONU ziri kubungabunga amahoro n’umutekano muri Mali bahitanywe n’igisasu catezwe mw’ibarabara hafi y’igisagara ca Douentza, hagati muri Mali, nkuko abategetsi babivuga. Bavuga ko batanu muri umunani batezwe uwo mutego barakomeretse bikomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG