Uko wahagera

Perezida Biden Yemeye Gutanga Incanco 500 000 ku Bihugu Bikenye kw'Isi


Perezida Joe Biden avuga ku mugambi wa Amerika wo gufashisha Isi Incanco za COVID-19, kw'itariki 10/06/2021 i St. Ives, mu Bwongereza.
Perezida Joe Biden avuga ku mugambi wa Amerika wo gufashisha Isi Incanco za COVID-19, kw'itariki 10/06/2021 i St. Ives, mu Bwongereza.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yatangaje ku mugaragaro ejo kuwa kane ko reta yiwe yemeye gutanga imiriyoni 500 z’incanco za Pfizer ku bihugu 92 bikenye. Ni imbere y’inama ya G-7 mu Bwongereza itangura kuri uyu wa gatanu mu Bwongereza.

Izo ncanco zizotangura kurungikwa mu kwezi kwa munani, nkuko Perezida Biden yabivugiye mu gisagara ca Cornwall, mu Bwongereza kuri uyu wa kane. Yongeyeko ko incanco imiriyoni 200 zizotangwa mu mpera z’uyu mwaka, izindi miriyoni 300 mu gice ca mbere c’umwaka wa 2022.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson ku musi wa kane nawe nyene yemeye kuzotanga impano z’incanco ku bihugu bikenye.

Haruhande yo gutanga izo ncanco, ibihugu vyo mu muryango G-7 biriko biraremerwa kugira bihe ibindi bihugu uburenganzira bwo gukora incanco. Amerika iremera ko iyo nzitizi ikurwaho kuri urwo rucanco biciye mw’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ubudandaji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG