Uko wahagera

Perezida Biden Yagendeye Abasirikare b'Amerika mu Bwongereza


U.S. President Joe Biden
U.S. President Joe Biden

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden hamwe n’umutambukanyi wiwe Jill Biden barashitse i Newquay, Cornwall mu Bwongereza, ku mugoroba wo ku musi wa gatatu, imbere yo kwitabira inama ya G-7, itangura ku musi wa gatanu.

Biden yatanguye urugendo rwiwe mu kubonana n’abasirikare bari ku kambi ya Royal Air Force Mildenhall muri Suffolk. Iyo kambi ikoreshwa n’abasirikare ba Amerika. Yashimikiye abo basirikare ku kwitangira igihugu.

Ni urugendo rwiwe rwa mbere mu Burayi, aho ategekanya kubonana n’abandi bakuru b’igihugu vyo mu burengero bw’isi. Ni imbere yuko azobonana na perezida w’Uburusiya Vladimir Putin mu ndwi iza, i Geneve mu Busuwisi.

Imbere yo guhaguruka i Washington, Perezida Biden yavuze ko intumbero y’uru rugendo ari ugukomeza ubucuti n’ibihugu bicuditse na Amerika. Yavuze kandi ko azobwira Putin n’Ubushinwa ko Uburayi na Amerika ari urunani ntamenwa. Yavuze kandi ko azotangaza umugambi rusangi wo kuzocandaga isi umugera wa Covid-19.

Ibimenyshamakuru bitandukanye vyo muri Amerika vyatangaje ko Amerika izogura izindi ncanco zingana imiriyoni 500 za Pfizer zizotangwa nk’impano ku bihugu 92 bifise amikoro make hamwe no mu muryango w’ubumwe bwa Afrika mu mwaka uza. Amerika iramaze gucandaga igice ca kabiri c’abanyagihugu bayo bakuze, ariko ibihugu bikenye biracari inyuma cane muri ico gikorwa.

Perezida Biden, kuri uyu wa kane ategekanya kuganira n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, imbere yo kwitabira inama ya G-7 y’ibihugu bikize kuruta ibindi ibera mu Bwongereza kuva ku wa gatanu gushika kuw’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG