Uko wahagera

Abahinga: Afrika Izogira Ingaruka ku Magara n'Ubutunzi Idacandaze Abanyagihugu


Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Afrika y'Epfo, Zweli Mkhize ahabwa urucanco rwa Johnson and Johnson
Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Afrika y'Epfo, Zweli Mkhize ahabwa urucanco rwa Johnson and Johnson

Abahinga muvy’amagara y’abantu baragabisha ko kubona Afrika yananiwe gucandaga umuriyaridi 1 n’imiriyoni 300 z’abanyagihugu bayo bizogira ingaruka nini ku bisata vy’amagara y’abantu no ku butunzi. Ni mu gihe Afrika ariko karere kagisigaye inyuma ugereranije n’ahandi kw’isi mu gucandaga abantu Covid-19.

Inyuma y’umwaka n’igice umugera wa COVID-19 uteye kw’isi, ibihugu vya Afrika bimaze gucandaga ibice bike cane vy’abanyagihugu bavyo.

Nijeriya, isanzwe ifise abanyagihugu benshi kuri uyo mugabane, imaze gucandaga ibice 0.1 kw’ijana. Ikigo ca Afrika kijejwe kugenzura ingwara kivuga ko ibihugu nka Tanzaniya, Uburundi, Eritreya hamwe na Republika yitangaje ya Sahrawi, ata munyagihugu wavyo n’umwe arahabwa urwo rucanco. Burkina Faso yaronkejwe incanco 115 000 za AstraZeneca ariko nta munyagihugu n’umwe wayo araterwa na rumwe.

Abdhalah Ziraba, umuhinga w’ingwara zandukira kandi arongoye ikigo kijejwe ubushakashatsi muvy’amagara y’abantu, afise icicaro i Nairobi, avuga ko Abanyafrika bataziteza kuko bagitinya izo ncanco kandi n’ibisata vy’ubuvuzi biracari inyuma cane cane mu ntara zo hagati mu gihugu.

Muri rusangi, Afrika imaze kuronka abantu hafi imiriyoni 5 banduye COVID-19 n’abandi 133 000 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG