Uko wahagera

Intumwa ya CEDEAU Yasubiye muri Mali, Inyuma ya Kudeta ya Kabiri


Goodluck Jonathan yahoze ari perezida wa Nijeriya
Goodluck Jonathan yahoze ari perezida wa Nijeriya

Intumwa y’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, yashitse muri Mali kuri uyu wa kabiri, inyuma y’umusi umwe Colonel Assimi Goita yiyemeje kuzosubiza ubutegetsi abasivile, inyuma yo gukora kudeta ya kabiri mu mezi icenda.

Uwahoze ari perezida wa Nijeriya, Goodluck Jonathan, intumwa y’ibihugu 15 bihurikiye muri CEDEAO, yagiye kubonana na Goita, nkuko amakuru ava muba dipolomate abivuga. Ariko ibiri kuri porogaramu y’ivyo baganira ntivyatangajwe. Goita niwe yagiye imbere muri kudeta, akura perezida yatowe, Ibrahim Boubacar Keita, kandi mu kwezi guheze yaratembagaje ubutegetsi ubugira kandi.

Mw’ijambo yashikirije igihe yimikwa ku musi wa mbere, Goita yaremeye ko Mali izoshitsa ivyo yemeye vyo kuzoshikana igihugu mu matora.

CEDEAO yarahagaritse Mali muri uyo muryango inyuma ya kudeta ya kabiri ariko yarabangiriye gufatira ibihano ico gihugu. Ubufaransa bwahoze bukoloniza Mali, nabwo mu ndwi iheze bwarahagaritse gukorana na Mali mu vya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG