Uko wahagera

Covid-19: Zimbabwe Yanse Kwakira Incanco za Johnson&Johnson


Reta ya Zimbabwe iriko iranebagurwa kuba yaranse kwakira impano y’imiriyoni zitatu z’incanco za Covid-19 zakozwe n’ihinguriro ry’imiti Johnson and Johnson. Abategetsi bavuga ko batiteguye guhangana n’ibibazo vyo kuzironkera firigo zikanyishirizwamwo ndetse n’ingaruka mbi zotera ku magara y’abantu.

Reta ya Zimbabwe yisiguye ivuga ko ikiriko irihweza ku ngaruka urucanco Johnson and Johnson rwogira ku banyagihugu. Umushikiranganji w’ikigega ca reta, George Guvamatanga yavuze kandi ko igihugu kitagira ububiko bukwije ibisabwa kugira izo ncanco ntizononekare.

Ariko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Dr. Norman Matara, wo mw’ishirahamwe ry’abaganga baharanira agateka ka mungu, yavuze ko urucanco Johnson and Johnson rubikwa ku gipimo c’ubukanye kingana nk’ico incanco iz’Ubushinwa, Sinopharm na Sinovac, zibikwamwo. Izo ncanco nizo Zimbabwe isanzwe iriko irakoresha kuva mu kwezi kwa kabiri.

Ariko umusesenguzi muvya poritike w’i Harare, Rejoice Ngwenya, yavuze ko imigenderanire mibi isanzwe hagati ya Zimbabwe n’Ubwongereza ari yo yatumye reta ya Zimbabwe yanka iyo mpano.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yatanguye gutosekara kuva mu 2002, igihe Ubwongereza bwafatira ibihano vy’ubutunzi n’ingendo ku bategetsi ba Zimbabwe bagirizwa guhungabanya agateka ka muntu hamwe n’ibindi vyaha bifatiye ku matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG