Uko wahagera

OTAN Ifise Impungenge Inteko Mvamakungu Zivuye muri Afuganistani


Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg mu nama n'umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin mu biro vya Pentagon hanze ya Washington, kw'itariki ya 7/6/2021

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ryishinze kurwaniriza umwasi hamwe, OTAN, ryavuze ko ritabona ko reta ya Afuganistani hamwe n’abasirikare bayo bazoshobora kwibako igihe abasirikare ba nyuma ba Amerika n’ab’urunani OTAN bazoba bavuyeyo bose.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yavuze kuri uyu wa mbere ko ingingo yo kuva muri Afuganistani ishobora kuzogira ivyo yonona. Hari imbere yuko abonana n’abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi na perezidanse ya Amerika.

Kubw’igisirikare ca Amerika, hafi igice c’abasirikare bayo baza baramaze gutahuka, mu gihe abasigayeyo hamwe n’abandi bakozi bazoba batashe bose mu ntango z’ukwezi kw’icenda. Jens Stoltenberg, umunyamabanga mukuru wa OTAN avuga ko abasirikare babo 7000 bari muri Afuganistani noba baza baratanguye gutahuka.

Kuva abasirikare ba Amerika batanguye kuva muri Afuganistani mu kwezi guheze, abarwanyi b’Abatalibani bamaze kwigarurira ikomine indwi, hamwe bahafashe batarinze kurwana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG