Uko wahagera

Abashika 51 Baguye mw'Isanganya rya Gariyamoshi muri Pakistani


Abatabara ahabereye isanganya rya gariyamoshi zibiri i Ghotki muri Pakistani
Abatabara ahabereye isanganya rya gariyamoshi zibiri i Ghotki muri Pakistani

Abategetsi muri Pakistani bavuze kuri uyu wa mbere ko abantu hafi 51 bapfuye abandi barenga 100 barakomereka mw’isanganya rya gariyamoshi zagonganye mu ntara ya Sindh iri mu bumanuko bw’igihugu. Abategetsi bavuga ko abantu barenga 1,400 bari muri izo gariyamoshi zibiri.

Abatabara baracakora kugira barokore ingenzi zafatiwe mu bisigarira, batinya ko ibitigiri vy’abapfuye vyiyongera, nkuko Mohammad Usman Abdullah, umutegetsi muri iyo ntara yabivuze.

Umushikiranganji wa Pakistani ajejwe kumenyesha amakuru, Fawad Chaudhry yavuze ko hakiri kare kuvuga ko icatumye iryo sanganya riba ko ryoba ryatewe n’ivyuma bishaje, canke ugusamara kw’abadereza, ariko amatohoza aracakorwa kugira bamenye icateye iryo sanganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG