Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa kane ko rifise icizere ko umugera wa Sida uzoba warwanijwe mu mwaka w’2030. Ni inyuma y’imyaka 40 umuntu wa mbere agaragaye ko yawanduye.
Ikigo ca ONU cita kuri Sida, cavuze ko hafi ibihugu 40 kw’isi biriko birakurikiranwa kugira Sida izobe yagabanutse mu banyagihugu bavyo ku rugero rwa 90 kw’ijana. Muri ivyo bihugu harimwo icenda vyo mu buseruko n’ubumanuko bwa Afrika.
Raporo yasohowe na ONU ivuga ko imiriyoni 37 n’ibihumbi 600 vy’abantu kw’isi bagendana umugera wa Sida mu mwaka wa 2020.
Ikigo ca ONU cita kuri Sida gisaba kuronswa imiriyaridi 29 z’amadolari uyu mwaka kugira iyo ntego bipfuza gushikako ishoboke. Inama rusangi ya ONU yo ku rwego rwo hejuru igira gatanu kuri Sida irakorana kuva kw’itariki ya 8 gushika itariki ya 10 y’uku kwezi kwa gatandatu.
Facebook Forum