Inama nshingamateka na Sena muri Danemark kuri uyu wa kane zemeje ingingo yo kwimurira abasaba ubuhungiro mu kindi gihugu co hanze y’Uburayi. Iyo ngingo yemejwe ku majwi 70 kuri 24 bayihakanye, izoha uburenganzira reta kbwo urungika abasaba ubuhungiro mu bihugu baba bararindiriyemwo, aho amadosiye yabo azosuzumirwa.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, ishirahamwe rya Buraya hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu atari make yaneguye uwo mugambi. Bavuga ko uteye kubiri n’imigenderanire mpuzamakungu kandi udatomora ingene agateka ka muntu k’izo mpunzi kazokingirwa.
Mw’ijambo yashikirije ari i Buruseli, umuvugizi w’ishirahamwe rya Buraya, Adalbert Jahnz, yavuze ko uwo muryango uriko urihweza neza ibiri muri iryo tegeko rishasha rya Danemark, yongera avuga ko hari amakenga y’ukuntu izo mpunzi zizokingirwa.
Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryashikirije ko umushikiranganji wa mbere wa Danemark, Mette Frederiksen, yavuze mu bihe vyo kwiyamamaza mu matora hamwe no mu kwezi kwa mbere ko yipfuza ko Danemark itosubira kubamwo abasaba ubuhungiro.
Danemark iza yaragiranye amasezerano n’igihugu kimwe, ariko iracari kandi mu biganiro n’ibindi bihugu bivyifuza, cane cane ivyo muri Afrika. Mu ntango z’uyu mwaka, reta yarasinyiraniye amasezerano y’ibanze n’u Rwanda ku bibazo vy’abasaba ubuhungiro.
Facebook Forum