Uko wahagera

DRC: Batanu Bishwe n'Abakekwa kuba ADF muri Beni


Abasirikare ba Congo muri Beni
Abasirikare ba Congo muri Beni

Abantu batanu bishwe abandi batari bake barimwo abana gushika ubu ntibazwi irengero, inyuma y’igitero gishasha cabaye muri Republika ya demokarasi ya Kongo. Abategetsi b’ico gihugu batunga urutoke umuhari w’iterabwoba ADF kuba ari wo wabishe.

Musitanteri w’akarere ka Beni, Donat Kibwana, yavuze ko abo bantu bishwe barashwe mu mihana y’i Mayimoya kuri uyu wa kabiri mu gitondo.

Ako karere ko mu ntara ya Kivu y’uburaruko, mu buseruko bwa Kongo kuva mu mwaka wa 2014 gahanzwe n’ibitero bikorwa n’umuhari ADF, wamuka muri Uganda. Abarwanyi ba ADF ni bamwe mu mihari 122 yitwaje ibirwanisho iteye isibe mu buseruko bwa Kongo, uwo abakurikirana ubwicanyi buhabera bavuga ko ari wo usesa amaraso menshi.

Ubu bwicanyi bwo kuri uyu wa kabiri bubaye inyuma y’umusi umwe ako karere kongeye guhekurwa, aho abantu bashika 50 bishwe mu ntara ya Ituri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG