Uko wahagera

Irani Yagiriza Umufaransa Benjamin Briere Icaha c'Ubumaneko


Benjamin Briere, umufaransa yagiriza kuba maneko muri Irani.
Benjamin Briere, umufaransa yagiriza kuba maneko muri Irani.

Abacamanza ba Irani bemeje ko umwenegihugu w’Ubufaransa afungiwe muri ico gihugu azoburanishwa ku caha co gusuma urusaku. Umushingwamanza wiwe yabivuze kuri uyu w’Imana, inyuma y’imisi mushiki w’uyo Mufaransa atabaje perezida w’Ubufaransa kugira ico akoze.

Benjamin Briere, w’imyaka 36, yafatiwe muri Irani mu kwezi kwa gatanu, 2020, igihe yariko aragurutsa akadege ka drone kandi afata amasanamu mu gice kitemewe.

Icaha co gusuma urusaku gihanishwa kwicwa muri Irani. Briere yegetsweko icaha co gucafuza ubutegetsi bwo muri Irani, icaha gihanishwa igifungo kiva ku mezi atatu gushika ku mwaka umwe.

Ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe imigenderanire bwavuze ko ivyaha vyo gusuma urusaku vyagirizwa Briere bitumvikana. Buvuga ko yagiye muri ico gihugu mu karuhuko, ko ata na kimwe Ubufaransa buzi kuri ivyo yagirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG