Uko wahagera

Perezida Assad wa Siriya Yatsinze Amatora ku Majwi 95.1 kw'Ijana


Perezida wa Siriya, Bashar al-Assad, yatsindiye manda ya kane ku butegetsi, ku majwi 95.1% y’abatoye, mu matora azokwongereza igihe ciwe ku butegetsi mu gihugu casambuye n’intambara, ariko abatavuga rumwe nawe hamwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bavuga ko yabayemwo ubusuma.

Reta ya Assad ivuga ko ayo matora yerekanye ko Siriya iriho n’aho imaze imyaka 10 mu ntambara imaze guhitana ibihumbi amajana vy’abantu, abandi bangana imiriyoni 11, hafi ica kabiri c’abayibamwo barata ingo zabo.

Umukuru w’inama nshingamateka, Hammouda Sabbagh, yatangaje ivyavuye muri ayo matora kuri uyu wa kane, avuga ko yitabiriwe ku bice hafi 78 kw’ijana.

Intsinzi ya Assad imuhaye iyindi myaka indwi ku butegetsi kandi yongereje ikiringo umuryango wabo umaze ku butegetsi ku myaka 60. Se wiwe, Hafez al-Assad, yatwaye Siriya imyaka 30 gushika apfuye mu 2000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG