Uko wahagera

Perezida Biden Yategetse Iperereza ku Mamuko ya COVID-19


Abajejwe umutekano b'Abashinwa bacungereye ikigo c'amavisiri mu gisagara ca Wuhan
Abajejwe umutekano b'Abashinwa bacungereye ikigo c'amavisiri mu gisagara ca Wuhan

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa gatatu yategetse ibigo vya reta kwongereza inguvu mu gutororokanya no gusuzuma neza amakuru ashobora kubashikana ku mamuko ya virusi ya corona. Ni mu gihe urunwarunwa rwiyongereye ko COVID-19 yoba yaturutse muri Laboratware yo mu Bushinwa.

Perezida Biden, yasavye ibigo bijejwe amaperereza kuzomuha ivyo bazoba batohoje mu minsi 90. Ni inyuma y’aho raporo yahawe uyu mwaka avuga ko ata gifatika yerekanye.

Abategetsi ba Amerika bamaze amezi badakorana neza n’Ubushinwa ku kumenya neza aho uwo mugera waturutse. COVID-19 umaze guhitana abantu bashika imiriyoni 3 n’ibihumbi 400 kw’isi, barimwo abashika 600.000 muri Amerika.

OMS itegekanya kugira itohoza rigira kabiri ku mamuko y’uwo mugera, ariko iranegurwa ko yanse kwemera ko uwo mugera watorotse uva mu kigo c’ubushakashatsi mu Bushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG