Uko wahagera

Ikiza ca Cholera Cahitanye 20 muri Nijeriya


Umuforoma ariko aha imiti irwanya Cholera umuvyeyi n'umwaka wiwe muri Nijeriya.
Umuforoma ariko aha imiti irwanya Cholera umuvyeyi n'umwaka wiwe muri Nijeriya.

Ikiza ca Cholera mu buraruko bwa Nijeriya kimaze kwica abantu bashika kuri 20 mu ndwi zibiri ziheze, n’abandi barenga 300 bakiri mu bitaro bavurwa iyo ngwara. Ibi vyashikirijwe n’umutegetsi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu kuri uyu wa kabiri.

Abakozi muvy’amagara y’abantu hamwe n’imiti vyaciye birungikwa mu turere twasinzikaye mu gihe isekeza ryo guhimiriza abanyagihugu gukurikiza amabwirizwa y’isuku no kunywa amazi meza rikibandanya.

Amareta umunani yo muri Nijeriya yaratangaje ko yaronse abantu bagwaye cholera muri uyu mwaka nkuko bishikirizwa n’ikigo ca Nijeriya kijejwe kugenzura no kurwanya ingwara.

Kuva mu kwezi kwa mbere, abantu 1746 ni bo banduye barimwo abapfuye 50 mu mareta atari make.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG