Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Yasubije Umugambi COVAX Incanco Ibihumbi 72


Muri Sudani y'ubumanuko, umurwi w’igihugu ujejwe gukurukirana ivy’ikiza ca COVID-19 wasubije inyuma incanco 72 000 za AstraZeneca mu mugambi COVAX wari wazitanze, kugira zikoreshwe mu bindi bihugu imbere y'uko zita igihe.

Sudani y’ubumanuko yaronkejewe incanco 132 000 mu mpera z’ukwezi kwa gatatu, zavuye mu mugambi COVAX, urunani rw’isi yagiye hamwe kugira urwo rucanco rukwirakwizwe hose mu buryo bungana ata kuvangura.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Sudani y’ubumanuko bwavuze ko bwahisemwo gusubiza izo ncanco, inyuma yo kugiranira ibiganiro na OMS. Umugambi COVAX uvuga ko ushima ingendo y’ico gihugu kuko izo ncanco zitagitawe, zizoca zihabwa abashobora kuzikoresha vyihuta.

Sudani y’ubumanuko yisigura ivuga ko itabashije gutera izo ncanco nkuko vyari bitegekanijwe kubera abakozi bo mu buganga batazihurumbiye, kandi inama nshingamateka yatevye kwemeza ikoreshwa ryazo, ndetse n’igihe kirekire caheze bacigisha abazokora igikorwa co gucandaga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG