Uko wahagera

Amerika Irakekeranya Nimba Irani Izosubira Kwubahiriza Amesezerano ya Nikleyeli


Abadiplomate ba Irani n'Abanyaburayi mu biganiro bigamije kuvugurura Amasezerano ya Nikleyeli na Irani, I Vienne muri Otrishiya
Abadiplomate ba Irani n'Abanyaburayi mu biganiro bigamije kuvugurura Amasezerano ya Nikleyeli na Irani, I Vienne muri Otrishiya

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yavuze kuri uyu w’Imana ko bitagaragara neza nimba Irani izokwubahiriza ivyo yabujijwe n’amakungu ku mugambi wa Nikleyeli, kugira Amerika iyikurireho ibihano vy’ubutunzi.

Irani ihitiye mu biganiro na Amerika babicishije ku badiplomate bava mu bindi bihugu, bitumbereye gusubira mw’iyubahirizwa ry’amasezerano yo mu 2015 ahagarika umugambi wa Irani wo guhingura ikirwanisho ca Nikleyeli. Ariko Irani ibandanya ivuga ko umugambi wayo wa Nikleyeli utumbereye amahoro.

Mu kiganiro yagiranye na televiziyo CNN yo muri Amerika, Blinken yavuze ariko ko Amerika na Irani bateye intambwe mu biganiro i Vienne muri Otrishiya kandi ko ikindi gice ca gatanu c’ibiganiro gitegekanijwe mu misi iri imbere.

Inyuma y’aho uwahoze ari perezida wa Amerika Donald Trump akuriye Amerika muri ayo masezerano mu 2018, uwamusubiriye, Perezida Joe Biden ariko ararondera gusubira guhamvya Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya n’Ubushinwa, ibihugu vyayashizeko umukono.

Perezida wa Irani, Hassan Rouhani yavuze mu ndwi iheze ko Amerika yaza yiteguye gukuraho ibihano, ariko uwundi mutegetsi wa Irani yaramuvuguruje. Abadiplomate b’abanyaburaya bavuze ko hakiri ibibazo bikigoranye muri ivyo biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG