Uko wahagera

CPI Ishobora Gukurikirana Abasikare Mvamakungu muri Libiya


Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, kuri uyu wa mbere yagabishije abacangero hamwe n’izindi nteko mvamakungu ziri muri Libiya ko bashobora gukurikiranwa ku vyaha ku kiremwa muntu. CPI isaba ko ibigo bifungirwamwo abantu vyugarwa kuko bikorerwamwo ivyaha bihohotera ikiremwa muntu. Fatu Bensouda, arongoye CPI, yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi ko ibiro vyiwe vyaronse amakuru ko izo nteko zica abantu.

Kubwa ONU, abacangero barenga 20 000 hamwe n’inteko mvamakungu bakiriko bararungikwa muri Libiya. Aba basirikare barimwo aba Turukiya hamwe n’abacangero bava mu Burusiya, Sudani na Cadi. ONU igereranya ko abantu 8 850 batawe mu mabohero bataciriwe imanza barimwo abakenyezi n’abana.

Bensouda asaba impande zose zifise uruhara muri iyo ntambara muri Libiya guhagarika bidatevye gukoresha amabohero ibikorwa vyo guhohotera abantu n’ivyaha ku basivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG