Uko wahagera

Kenya: Sentare Yahagaritse Ihindurwa ry'Ibirizwa Shingiro rya Kenyatta


Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta
Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta

Sentare ntahinyuzwa ya Kenya kuri uyu wa kane yavuze ko icipfuzo ca Perezida Uhuru Kenyatta co guhinyanyura ibwirizwa shingiro giciye kubiri n’amategeko.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Kenya ziza zaramaze kwemeza ingingo yipfuza ko zihinyanyurwa, ingingo zotuma inzego za reta zihindura isura zamanye kuva ibwirizwa shingiro rishasha ryemezwa mu 2010.

Umwe mu bacamanza batanu bagize iyo sentare yavuze ko Perezida Kenyatta yakoresheje ingingo yemerewe abanyagihugu mu guhindura ibiri mw’ibwirizwa shingiro, bigatuma bica bitemerwa n’amategeko. Jairus Ngaah avuga ko perezida atemerewe kuba umukinyi ngo abe n’uwuhagarariye urukino icarimwe.

Reta ivuga ko izokwunguruza kuri iyo ngingo ya sentare. Kenyatta avuga ko iryo tegeko rizotuma haba ukugabanganya ubutegetsi hagati y’amoko, kugira bigabanure imvururu zama zakurikiye amatora.

Iri hinyanyurwa rya Kenyatta rigamije gusubiza abashikiranganji ububasha bwo kugena abashingamateka n’abakenguzamateka, gushiraho ibibanza bishasha bikomeye: Ic’umushikiranganji wa mbere, ivyegera bibiri hamwe n’umukuru w’abatavuga rumwe mu nama nshingamateka.

Kenyatta yatanguje iri hinyanyura ry’ibwirizwa shingiro afashijwe n’uwahoze ari umushikiranganji wiwe wa mbere, Raila Odinga, inyuma y’aho kandi abo bagabo babiri bashize hamwe mu kwezi kwa mbere 2018, inyuma y’imvururu za poritike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG