Uko wahagera

COVID-19: Perezida Biden Ahimiriza Abanyamerika Kwicandagisha ku Bwinshi


Perezida Joe Biden afashe ku bitugu vy'umuntu ariki aracandagwa.
Perezida Joe Biden afashe ku bitugu vy'umuntu ariki aracandagwa.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden kuri uyu wa kabiri yatangaje inzira nshasha zizofasha abanyamerika guhabwa urucanco rwa Covid-19 ku bwinshi.

Perezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko perezida Biden, agiye kuzotangaza ingene kompanyi z’imodokari zunguruza abantu nka tagisi, Lyft na Uber, zizotwara zongere zitahukane ku buntu abazoja kwicandagisha, gushika kw’itariki ya 4 y’ukwezi kw’indwi.

Iyo tariki niyo Amerika yaronkeyeko intahe yo kwikukira kandi niyo Perezida Biden yihaye ko 70 kw’ijana vy’abanyamerika bazoba bamaze guhabwa n’iburiburi urucanco rumwe. Ubu abamaze kuruhabwa bageze ku bice 58 kw’ijana.

Perezida Biden yatangaje kandi ko amwe mu mashure ya Koleji azogirwamwo ibibanza vyo gucandagiramwo abanyeshure, abakozi hamwe n’abanyagihugu bo mu kibano, mu mezi ya gatanu na gatandatu.

Reta ya Amerika iriko irashiraho amafaranga mu mareta azoriha abazohimiriza abantu kuja kwicandagisha no gushiraho ibibanza vyo gucandaga ku buzi no ku masengero.

Ibi Perezida Biden abivuze mu gihe abicandagisha ubu bagabanutse gushika ku miriyoni 2 n’ibihumbi 100 ku musi, aho bahora ari imiriyoni 3 buri musi mu ndwi ziheze.

Hafi ica gatanu c’abanyamerika bavuga ko ata mugambi wo kwicandagisha bafise canke bagumana amakenga kuri izo ncanco.

Amerika imaze gutakaza abantu 582 000 bishwe na Covid-19 mu barenga imiriyoni 32 n’ibihumbi 700 bamaze kwandura, nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins, ikurikirana ku musi ku musi abandura n’abicwa n’uwo mugera kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG