Uko wahagera

Kenya na Tanzaniya Bapfunditse Amasezerano y'Umuringoti wa Gaze


Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, na perezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Nairobi, kw'itariki ya 4/05/2021
Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, na perezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Nairobi, kw'itariki ya 4/05/2021

Kenya na Tanzaniya vyateye imikono ku masezerano yo kwubaka umuringoti uzotwara umwuka wa Gaze hagati y’ibisagara vya Mombasa muri Kenya na Dar es Salaam muri Tanzaniya. Ayo mesezerano yasinywe kuri uyu wa kabiri, aho perezida mushasha wa Tanzaniya yagendera ubwa mbere Kenya, inyuma y’urupfu rw’uwo yasubiriye, John Magufuli.

Inyuma w’umubonano bagiranye mu mwiherero mu kiringo c’amasaha arenga atatu, Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yavuze ko ivyo bihugu bibiri vyiteguye gukomeza imigenderanire yavyo.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyo mu buseruko bwa Afrika yaracumbagiye mu myaka itanu John Magufuli yamaze ku butegetsi.

Perezida Kenyatta yavuze ko we na Perezida Suluhu basinye ayo masezerano y’umuringoti uzotwara umwuka wa Gaze kugira ubuzima bw’abanyagihugu babo n’ubucuruzi bitere imbere.

Ivyo bihugu vyumvikanye kandi ko abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu bagiye kuza barakorera hamwe ku bibazo vya COVID-19, cane cane ku kworohereza uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG