Uko wahagera

RDC: Ubutegetsi n'Ubutungane mu Ntara za Ituri na Kivu y'Uburaruko mu Minwe y'Igisirikare


Ikarata y'intara ya Ituri,, muri republika ya Demokarasi ya Congo
Ikarata y'intara ya Ituri,, muri republika ya Demokarasi ya Congo

Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Republika ya demokarasi ya Congo kuri uyu wa mbere vyategetse igisirikare n’igiporisi gufata imyanya y’ubutegetsi yari mu minwe y’abasivile mu ntara zibiri zashizwe mu bihe vy’ubutungane budasanzwe.

Intara za Kivu y’uburaruko na Ituri, zo mu buseruko, ahabarizwa imihari yitwaje ibirwanisho kandi hicirwa abasivile b’inzirakarengane, zashizwe mu bihe ubutungane bugiye gutwarwa n’abasirikare ku musi wa gatanu.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo y’igihugu kuri uyu wa mbere, Perezida Felix Tshisekedi yavuze ko yumvise amarira n’amaganya y’abanyagihugu, imibabaro y’abavyeyi, bashiki biwe n’abakobwa bari muri izo ntara zasinzikajwe n’ubwicanyi.

Umuvugizi wiwe, Tharsice Kasongo Mwema, yemeje ko i zontara zishizwe mu butegetsi bw’igisirikare n’ubutungane budasanzwe mu misi 30 uhereye ku musi wa kane itariki 6 z’ukwezi kwa gatanu.

Yavuze ko muri ico gihe, ubutegetsi mu mareta y’izo ntara za Ituri na Kivu y’uburaruko, hamwe n’izindi nzego, bizosubirizwa n’abasirikare ba RDC canke igiporisi c’igihugu.

Amasentare yahora arongowe n’abasivile azosubirizwa na sentare za gisirikare gushika umutekano ugarutse, nkuko yabivuze.

Izo ntara za Kivu y’uburaruko n’ubumanuko zitunze amabuye y’agaciro, ziri ku rubibe RDC ihana na Uganda, u Rwanda n’Uburundi. Zinjiye mu bwicanyi mu ntambara zibiri zabaye hagati y’imyaka y’1996 na 2003, kandi gushika ubu ntizirigera zironka amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG