Uko wahagera

Bill Gate n'Umutambukanyi Wiwe Bahukanye


Bill and Melinda Gate

Umutunzi karuhariwe w’Umunyamerika, Bill #Gates na madamu wiwe #Melinda Gates batangaje kuri uno wa mbere ko bahukanye. Mw’itangazo bompi bashize ku mbuga zabo za #Twitter, bavuze ko bakoze ibishoboka vyose ngo bakize urukundo rwabo ariko vyanse!

Basiguye ko bazobandanya bakorera hamwe muri Fondation yabo, bongera bishimira ko mu myaka 27 bari bamaze bubakanye bashitse ku bitari bike, birimwo ukwibaruka abana batatu.

Ikinyamakuru #Forbes kivuga ko Bill Gates aza ubwa kabiri mu batunzi bo kw’isi yose. Mu 2019, yari afise ubutunzi buharurwa mu mamiriyari y’amadorali 105.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG