Uko wahagera

Amerika Irahakana Amasezerano yo Guhana Imbohe na Irani


Ibendera rya Irani rihungabana hejuru y'i Teheran, ku murwa mukuru wa Iran
Ibendera rya Irani rihungabana hejuru y'i Teheran, ku murwa mukuru wa Iran

Reta zunze ubumwe za Amerika irahakana ko yapfunditse amasezerano na Irani yo kubohoza abanyororo bafungiweyo, bacuditse n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, ku kiguzi c’imfashanyo y’ubutunzi y’imiriyaridi z’amadorari.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire, Ned Price, yavuze kuri uyu w’Imana ko babandanya batabariza abanyamerika bapfunzwe hamwe n’ababuriwe irengero muri Irani. Yavuze ko bazohagarika ar’uko basubiye kubahuza n’imiryango yabo.

Ron Klain, umuyobozi w’akazi muri White House, nawe yahakanye amakuru yaciye kuri televiziyo CBS yo muri Amerika, y’ayo masezerano yo kubohoza abanyamerika bane bafungiwe muri Irani, ariko yemeje ko bariko barakora ibishoboka kugira barekurwe.

Televiziyo ya reta muri Irani yavuze ko hari amakuru yaronse yuko Abanyamerika bemeye kuzoriha imiriyaridi 7 z’amadolari kandi igatanda abanya-Irani bane bafashwe baciye kubiri n’ibihano vyafatiwe Irani. Muri ayo masezerano, Irani nayo yoca itanga abanyamerika bane bafungiwe muri ico gihugu kubera ibikorwa vya maneko.

Iyo televiziyo yavuze kandi ko Ubwongereza nabwo bwemeye gutanga imiriyoni 552 z’amadorari kugira buhabwe umukenyezi w’umwongereza, Nazanin Zaghari-Ratcliffe afise amamuko muri Irani kandi afungiweyo. Ariko Ubwongereza bwanse kugira ico bubivuzeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG