Uko wahagera

Imigambi Yagutse ya Perezida Biden yo Gufasha Abana n'Imiryango


Perezida wa Amerika, Joe Biden ashikiriza ijambo sena n'inama nshingamateka, inyuma y'imisi 100 ku butegetsi. Washington, itariki 28/04/2021
Perezida wa Amerika, Joe Biden ashikiriza ijambo sena n'inama nshingamateka, inyuma y'imisi 100 ku butegetsi. Washington, itariki 28/04/2021

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Perezida Joe Biden ejo kuwa gatatu yarashize ahabona imigambi minini yo gufasha abana n’imiryango y’abanyamerika. Ni mw’ijambo rya mbere, inyuma y’imisi 100 kuva ashikira ubutegetsi yashikirije kongere ya Amerika, abashingamateka n’abasenateri bakoranye.

Perezida Joe Biden yaravuze intambamyi yahuye nazo agitangura gushikira ubutegetsi, harimwo ikiza ca corona cariko gisasika inganda, ubutunzi bwasubiye inyuma hamwe n’igitero yise ntibagiranwa ku ngoro ya Congress, yimirije kwimikwa

Yavuze ko inyuma y’iyo misi 100 hageze ko Amerika itera ija imbere.

Arashima intambwe zatewe mu gucandaga abanyamerika ariko agasaba abataricandagisha kubikora, mu gihe uwo mugera umaze kwica abarenga 574 000 n’abandi imiriyoni 32 bamaze kwandura.

Muri Iryo jambo yashikirije abanyamerika ndetse n’amakungu, Perezida Biden yashikirije umugambi w’imyaka ibiri wa triliyoni 1 n’imiriyaridi ibihumbi 800 vy'amadolari yo gufasha abana bari mu mashure yo kwimenyereza hamwe n’amakoleji.

Yipfuza kandi ko imiryango y’abanyamerika bafise abana bato boza barahabwa amafaranga buri kwezi yo kubafsaha kugira hagabanywe inzara mu bana.

Yashikirije kandi umugambi w’amafaranga angana na triliyoni 2.3vy'amadolari yo gusanura amabaraba, ibiraro, ibibuga vy’indege vyo muri Amerika bishaje no kwubaka bishasha.

Arishimira imfashanyo y’amafaranga yahawe abanyamerika mu misi ya mbere agishika ku butegetsi, avuga ko yabaye ngirakamaro mu gufasha abanyamerika bari mu bukene batewe na Covid-19.

Perezida Biden, wo mu mugambwe w’abademokrate yasavye abarepublikani mu nama nshingamateka no muri sena kumushigikira, bakazorangurira hamwe iyo migambi, ariko yongeyeko ko bidakunze azobandanya urugendo n’abademokrate gusa.

Ni ijambo yashikirije muri Congres ya Amerika isanzwe icungerewe bikomeye, inyuma y’igitero cabaye kw’itariki ya 6 y’ukwezi kwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG