Uko wahagera

Abanyamerika Batezuriwe ku Kwambara Udupfukamunwa


Ikigo ca Reta zunze ubumwe za Amerika kijejwe kugenzura ingwara, CDC, kuri uyu wa kabiri casohoye umurongo wo kugenderako ku bijanye na Covid-19. Ico kigo kivuga ko abamaze guhabwa incanco zose zisabwa bashobora guhagarika kwambara udupfukamunwa mu gihe baba bari hanze, kiretse bari mu kigwi c’abandi bantu benshi batazi.

Ikigo CDC kivuga kandi ko abantu bataricandagisha bashobora kutambara udupfukaminwa igihe bari hanze ukwa bonyene canke bari kumwe n’umuryango wabo. Bashobora kubikora uko kandi bari mw’ikoraniro ryo hanze n’abantu bake bahawe incanco zose.

Mu mwaka uheze, ico kigo cari casavye ko abantu bose muri Amerika bambara udupfukamunwa basohotse hanze kandi bakirinda kwegerana, bagatandukana imetero zibiri.

Iri subirwamwo ry’uyu murongo ngenderwako ni kimwe mu biriko birakorwa na reta ya Perezida Joe Biden, yipfuza gusubiza igihugu mu buzima busanzwe. COVID-19 imaze kwica hafi abanyamerika 573 000, igitigiri ca mbere kinini kuruta ibindi bihugu vy’isi.

Abanyamerika batezuriwe inyuma y’aho ica kabiri c’abakuze bamaze guhabwa n’iburiburi urucanco rumwe rwa COVID-19, kandi abarenga ica gatatu bamaze guhabwa incanco zose zisabwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG