Uko wahagera

Amerika Izorungikira Ubuhindi Umwuka wa Oxygen


Covid-19 mu Buhindi India

Reta zunze ubumwe za Amerika yiyemeje kurungikira Ubuhindi umwuka wa oxygen mu maguru masha hamwe n’amamiriyoni y’incanco mu bindi bihugu. Ni mu ntumbero yo gufasha kurwanya umugera wa Corona no kwitaba akamo isabwa ko gufasha ibindi bihugu.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, Jen Psaki, yavuze kuri uyu wa mbere ko Amerika igiye gukorera hamwe n’Ubuhindi. Yavuze ko Amerika izotanga imfashanyo zikenewe z’umwuka wa Oxygen, ibikoresho vyo kwinkingira, imiti, ibipimo, hamwe n’ivyankenerwa vyo gucandaga.

Perezidanse ya Amerika yavuze ko inkingo zirenga imiriyoni 60 za AstraZeneca zikirindiriye kwemezwa n’ikigo ca Amerika kijejwe kwemeza ibifungurwa n’imiti, FDA, zishobora kuzorungikwa gufasha ibindi bihugu.

Perezida wa Amerika, Joe Biden yavuganye kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, ibiganiro ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko vyari ngirakamaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG