Uko wahagera

HRC Ifise Amakenga y'Impunzi Inyuma y'Urupfu rwa Perezida Deby


Filippo Grandi, umukuru w'igisata ca ONU Kijejwe impunzi, HCR
Filippo Grandi, umukuru w'igisata ca ONU Kijejwe impunzi, HCR

Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe impunzi yagaragaje amakenga ku cuka kibi kiri muri Cadi, inyuma y’urupfu rwa Perezida Idriss Deby Itno.

Mu rugendo arimwo muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Filippo Grandi, yavuze ko igihugu ca Cadi cagize uruhara runini mu mutekano mu karere ka Sahel, karangwamwo uruja n’uruza rw’impunzi, ivyazo bishobora kuyangara.

Grandi yavuze ibi mu gihe kuri uyu wa gatanu ari ho hategekanijwe amaziko ya Deby, azokwitabirwa n’abakuru b’igihugu batari bike barimwo Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron.

Deby yatwaye Cadi imyaka irenga 30 imbere y’uko urupfu rwiwe rutangazwa ku musi wa kabiri.

Grandi yashikirije n’ikibazo c’impunzi muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, inyuma y’intambara zasinzikaje ico gihugu.

Repubulika ya demokarasi ya Kongo irimwo impunzi hafi imiriyoni zitanu zishwiragiye hagati mu gihugu, mu gihe impunzi z’abanyekongo hafi 940 000 zahungiye mu bihugu bibanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG