Uko wahagera

Abasirikare ba Cadi n'Abarobeli Barasakirana mu Buraruko bw'Igihugu


Abasirikare ba Cadi mu bikorwa vyo gukizura mu ntara ya Tibesti, hafi ya Bardai, Ifoto yo kw'itariki ya 28/03/1999
Abasirikare ba Cadi mu bikorwa vyo gukizura mu ntara ya Tibesti, hafi ya Bardai, Ifoto yo kw'itariki ya 28/03/1999

Igisirikare ca Cadi kivuga ko cahagaritse abaroberi bariko bashaka kwinjirira mu buraruko bw’igihugu, ariko abo barobeli bo bavuga ko bakibandanya urugendo rwabo.

Umuvugizi wa gisirikare, Azim Bermandoa Agouna, yavuze ko batanye mu mitwe n’abo barobeli ku musi wa gatandatu mu buraruko bw’intara ya Kanem, kandi ko abo barobeli baje bava muri Libiya bishwe bose.

Ariko, uwo muhari w’abarwanyi biyise, Front pour le Changement et la Concorde au Tchad, mw’itangazo wasohoye kuri uyu w’Imana, bavuze ko abarwanyi babo batanguye kwigarurira iyo ntara ya Kanem.

Abo barobeli bakekwa kuba binjiye muri Cadi mu ndwi iheze, ku musi w’amatora.

Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire, ku musi wa gatandatu bwategetse abadiplomate babwo batari abankenerwa cane, bakorera muri ambasade yayo mu Cadi kuvayo hamwe n’imiryango yabo. Amerika yavuga ko ibigwi vy’abarobeli bariko batera berekeza ku murwa mukuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG