Uko wahagera

Benin: Komisiyo y'Amatora Yatangaje ko Perezida Talon Yatsinze


Perezida wa Benin, Patrice Talon aramutsa abaywanyi biwe ku biro vy'amatora i Cotonou, muri Benin, kw'itariki ya 11-04-2021
Perezida wa Benin, Patrice Talon aramutsa abaywanyi biwe ku biro vy'amatora i Cotonou, muri Benin, kw'itariki ya 11-04-2021

Perezida wa Benin, Patrice Talon asa n’uwatsindiye manda ya kabiri bitamugoye, nkuko ibiharuro vy’imfatakibanza vyavyerekanye kuri uyu wa kabiri. Ni inyuma y’amatora yabaye mu mpera z’indwi irangiye, ayo abatavuga rumwe nawe na we bavuga ko yabakumiriye.

Talon, w’imyaka 62, yatowe ubwa mbere kurongora Benin mu 2016. Yahiganwe n’abandi babiri batamenyerewe ku rubuga rwa poritike, mu gihe abakomeye mu batavuga rumwe na we, bamwe bahunze igihugu abandi ntibemererwa kwitoza.

Komisiyo y’amatora yatangaje ko Perezida Talon yatsinze ku majwi 86.3 kw’ijana, igihe yatangaza ibiharuro vy’imfatakibanza. Abo bahiganwe nawe, ari bo Alassane Soumanou na Corentin Kohoue baronse amajwi 11.29 kw’ijana na 2.25 kw’ijana.

Indorerezi mpuzamakungu zavuze ko yitabiriwe n’abantu bake, ariko ko yabaye mu mutekano muri rusangi naho abantu babiri bishwe imbere yayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG