Uko wahagera

40 Barishwe mu Matati Hagati y'Amoko muri Darfur y'Uburengero


Ifoto yafashwe kw'itariki 20-1-2020 yerekana ahabereye ubwicanyi hagati y'abarabu b'aborozi hamwe n'abatari abarabu bo mu bwoko bw'aba Massalit i El Geneina, ku murwa mukuru wa Darfur y'uburengero
Ifoto yafashwe kw'itariki 20-1-2020 yerekana ahabereye ubwicanyi hagati y'abarabu b'aborozi hamwe n'abatari abarabu bo mu bwoko bw'aba Massalit i El Geneina, ku murwa mukuru wa Darfur y'uburengero

Abantu bashika kuri 40 barishwe, abandi 58 barakomereka mu gutana mu mitwe kwamaze imisi itatu muri reta ya Darfur y’uburengero. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryabishikirije kuri uyu wa mbere.

Inyuma y’ugutana mu mitwe kwabaye mu mpera z’indwi iheze, abanyagihugu bo mu gisagara ca El Geneina, umurwa mukuru wa reta ya Darfur y’uburengero hamwe n’abegereye ku rubibe na Chadi, bavuze ko imizinga y’inkoho yasiranye mu gaturuturu kuri uyu wa mbere. Bavuze kandi ko humvikanye n’ibindi bisasu biturika mu mihana ihakikuje.

Ababibonye bavuga ko babonye imyotsi myinshi mu kirere mu gihe abanyagihugu bariko barahunga ubwo bwicanyi.

Ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo, OCHA, cashikirije ko kuva kw’itariki ya 3 y’ukwezi kwa kane, abantu 40 bamaze kwicwa.

OCHA ivuga ko imirwi y’Abarabu yatanye mu mitwe n’abatari Abarabu bo mu bwoko bw’aba Massalit mu gisagara ca El Geneina.

Akanama k’igihugu kajejwe umutekano, ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere kategetse ko iyo reta ya Darfur y’uburengero ija mu bihe bidasanzwe vyo mu ntambara kandi kongera karungikayo abasirikare.

Ntibiramenyekana uwasomborokeje uwundi hagati y'ayo moko.

Intara yose ya Darfur yinjiye mu ntambara hagati y’abenegihugu mu 2003, imaze guhitana abashika 300 000 hamwe n’imiriyoni 2 n’ibihumbi 500 bataye ingo zabo, nkuko bivugwa na ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG