Uko wahagera

RDC: Abantu 13 Barishwe mu Mishamirano Hagati y'Amoko muri Kasai


Abakongomani bo muri Kasai birukanywe muri Angola
Abakongomani bo muri Kasai birukanywe muri Angola

Abantu bashika kuri 13 barishwe mu gutana mu mitwe hakoreshejwe imipanga hagati y’amoko abiri adacana uwaka muri republika ya demokarasi ya Kongo. Abategetsi mu ntwaro mu bice vyabereyemwo babitangaje kuri uyu wa kabiri.

Iyo mishamirano yadutse ku musi wa mbere mu ntara ya Kasai, ahakunze kuvugwa amatati hagati y’amoko ahaba.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri iyo ntara ya Kasai, Ferdinand Mposhamba, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko hatowe ibiziga 13 vy’abo mu bwoko bw’aba Kuba biciwe imitwe n’imipanga.

Ubwo bwicanyi bwatanguye ku musi wa mbere mu gisagara ca Bakuakenge, ahama habereye amatati hagati y’intara za Kasai na Kasai yo hagati kuva mu 2015.

Ako karere kabamwo amoko y’aba Kuba n’aba Luba, amoko yamuka mu ntara za Kasai na Kasai yo hagati.

Hagati y’imyaka ya 2016 n’ukwezi kwa gatatu 2017, intara ya Kasai yabayemwo ubwicanyi inyuma y’aho umukuru w’ako karere, Kamuina Nsapu, yiciwe mu gitero c’abajejwe umutekano.

Abantu barenga 3 000 barishwe inyuma y’aho ubwicanyi bwadukiye hagati y’abajejwe umutekano n’abarwanyi bashigikiye Nsapu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG