Uko wahagera

Sudani mu Nzira yo Gutandukanya Idini na Reta


Perezida w'akanama gatwara Sudani, Abdel Fattah al-Burhan, umukuru wa SPLM-N, Abdelaziz al-Hilu na perezida wa Sudani y'ubumanuko, Salva Kiir inyuma yo gusinya amasezerano i Juba, kw'itariki ya 28*03/2021.

Reta ya Sudani hamwe n’imihari y’abarobeli ikorera mu misozi yo mu bumanuko ya Nuba, kuri uyu w’Imana basinyiraniye urwandiko mfatakibanza ruzotanga inzira ku masezerano y’amahoro, mu guha ubwigenge bwo gusenga kuri bose no gutandukanya idini na reta.

Ugutera imikono kuri uru rwandiko ni intambwe ikomeye mu twigoro two kugabura ubutegetsi muri reta irongowe na General Abdel Fattah al-Burhan, n’imihari yitwaje ibirwanisho mu gihugu. Ni mu ntumbero yo kurangiza intambara yahitanye ibihumbi amajana vy’abantu n’amamiriyoni yataye ingo zabo.

Mu mwaka uheze, Sudani yarasinyiraniye amasezerano y’amahoro n’imigwi itari mike, irimwo iyo mu ntara ya Darfur mu burengero. Ariko umuhari ukomeye wa Sudan People's Liberation Movement-North (SPLM-N) urongowe na Abdelaziz al-Hilu, ntiwifatanije n’iyindi muri ayo masezerano kuko wasaba ko Sudani ibanza kuvavanura n’intwaro ishingiye kw’idini rya kiyisilamu, ikisunga demokarasi.

Aya masezerano y’ibanze hagati ya reta n’abarobeli asigura ko ibiganiro nyezina ku masezerano ya nyuma bishobora guca bitangura vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG