Uko wahagera

Al Shabab Ihamagarira Ibitero ku Basirikare b'Abanyamahanga muri Djibouti


Umukuru w’umuhari w’iterabwoba al-Shabab wo muri Somaliya ariko ahamagarira ibitero ku nyungu z’Abanyamerika n’Abafaransa muri Djibouti. Ni imbere yuko hatunganywa amatora y’umukuru w’igihugu muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika.

Mu butumwa yashikirije mu majwi, Ahmed Omar Abu Ubaidah yagiriza abategetsi ba Djibouti kuba barahinduye igihugu cabo kiba ikambi ya gisirikare, aho intambara zose ku bayisilamu muri Afrika y’ubuseruko ariho zitegurirwa.

Abu Ubaidah yahamagariye urwaruka rwo muri Djibouti gukora ibitero vy’ubwihevyi no kwitangira igihugu kugira birukane Abafaransa n’Abanyamerika.

Yavuze ko yiteguye guha ubuhungiro, gutegura no kumenyereza abiteguye kuva muri Djibouti mu gihe batoshobora gukora ivyo idini ryabo risaba umuyoboke uwo ari we wese.

Urwego rwa gisirikare ca Amerika muri Afrika, AFRICOM, rusanzwe rufise ikambi muri Djibouti, rwagize ico ruvuga kuri ivyo vyashikirijwe n’umukuru wa al-Shabab.

Umuvugizi warwo, Colonel Christopher Karns, yabwiye Ijwi rya Amerika ko igisirikare ca Amerika muri Afrika kidafata minenerwe ivyashikirijwe n’uwo mutegetsi wa Al shabab.

Al-Shabab yaheruka gutera Djibouti mu kwezi kwa gatanu, itariki ya 24, 2014 mu bitero bibiri vy’ubwiyahuzi kuri restaurant ihurumbirwa n’abanyaburaya, hapfa abanyu batatu.

Abanyagihugu ba Djibouti bazokwitabira amatora y’umukuru w’igihugu kw’itariki 9 y’ukwezi kwa kane. Perezida w’iki gihe, Ismail Omar Guelleh arondera kwitoreza manda ya gatanu ku butegetsi.

Abategetsi ba Djibouti ntaco baravuga ku bitero bishasha Al Shabab ihiga gukora mu gihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG