Uko wahagera

Perezida Biden Yemeza ko Azorondera Manda ya Kabiri


Perezida Joe Biden mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri White House, kw'itariki ya 25-03-2021
Perezida Joe Biden mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri White House, kw'itariki ya 25-03-2021

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa kane ko yipfuza kwongera guhiganirwa gutorwa ubugira kandi mu 2024. Ibi bikuyeho amakenga ku banuganuga ko uwo mutama azoca asezera ahejeje manda yiwe ya mbere.

Yavuze ko nimba yosubira kwitoza, yoshima ko icegera ciwe, Kamala Harris, amuherekeza muri ayo matora bakagumana.

Uwo mu perezida w’umudemokrate yifatiye mu gahanga abarepublikani bari mu twigoro two guhindura amategeko amwe ajanye n'amatora.

Mu kiganiro ca mbere n’abamenyeshamakuru kuva ashikira ubutegetsi kw’itariki ya 20 y’ukwezi kwa mbere, Perezida Biden yishuye kandi no ku bibazo vyerekeye abimukira na Koreya ya ruguru.

Abashingamateka b’abarepublikani ku rwego rw’amareta, mu mareta atari make baza baratanguye guhinyanyura amategeko ajanye n’amatora ashobora kuzotuma abademokrate babangamirwa kuruta abarepublikani mu matora.

Ariko Perezida Biden yavuze ko azokora ibishoboka vyose, izo mpinduka ntizigere aho ziba itegeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG